Ma. mbega abana bava he ?

[metaslider id=137]Ma, mbega abana bava he?

Birashoboka ko umwana wawe akubaza ibibazo  bisa n’ico. Kenshi na kenshi  abana bashaka inyishu yihuta. Bene ivyo bibazo bishobora gutuma abavyeyi bumva  bamerewe nabi.

 

Ivyo bibazo mwovyishura gute?  Umwana  w’imyaka 4 womubwira iki? Umwana  w’imyaka 10 womubwira iki? Mbega umuntu yokwishura ibibazo  vy’abo bana canke yovyirengagiza?

 

Ntivyoroshe kuvugana n’umwana wawe ibijanye n’urukundo canke ibijanye n’ibitsina. Kandi ntivyoroshe kumenya ivyo wobwira  umwana wawe n’imyaka wobimubwirirako. Ariko rero, birakenewe ko uganira n’umwana wawe ibijanye n’urukundo hamwe n’ivyerekeye ibitsina.  Ivyo bizomufasha gukurana amagara meza kandi yumva ko afise urweze.

 

Aka gatabu

Aka gatabu twagatunganirije abavyeyi bafise abana bafise imyaka iri hagati y’2 na 18. Kazobafasha kuyaga  n’abana banyu ku vyerekeye  gukura  hamwe n’ubuzima  bujanye  n’ivy’ibitsina. Aka gatabu karimwo ibibazo  25 hamwe n’inyishu zavyo, kandi vyose vyerekeye  ahanini  abavyeyi n’abana babo.

 

Murafise ibindi bibazo ?

Nimba mufise  ibindi bibazo mushaka kubaza, murashobora

gushikira amashirahamwe tuvuga  mu kibazo ca 25.

 

 

CARE International au Burundi na Rutgers Pays-Bas

Maman, d’où viennent les bébés (final Kirundi, 4 août 2016)

 

Tags:

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

You may use these <abbr title="HyperText Markup Language">HTML</abbr> tags and attributes: <a href="" title=""> <abbr title=""> <acronym title=""> <b> <blockquote cite=""> <cite> <code> <del datetime=""> <em> <i> <q cite=""> <s> <strike> <strong>

*