Gutwikurura: biracakenewe canke ukugwiza imanza gusa ?

Kuva kera na rindi Abarundi baratwikurura. Kubera ko ibihe biha ibindi, turabire hamwe ivy’uwo mugirwa. Tubikesha ikiyago categuwe n’amashirahamwe Umunyinya, OUF, Gisabo Tours bifadikanije na Sharenet. Carimwo banonosoye hamwe n’abakorera mu gisata c’imico n’akaranga. Ikibazo cagarutse cane ni : « Mbega umugenzo wo gutwikurura, woba ugikenewe canke wohava » ?

 

Mw’ireresi igaruka ku vya kahise, yitwa « Kira ngeni » yerekanywe muri ico kiyago, berekanye ko gutwikurura ari akaryo keza kuko umuryango w’umukobwa uja kuramutsa umugeni, ni ico gihe abageni baba basozereye ikiringo baba bamaze atawubakomakoma arico bita ubu « Ukwezi kwa buki ». Ni wo mwanya mwiza wo gutwikurura umugeni bikozwe na musazawe.

Ngo uko imyaka yagiye irahera, uwo mugenzo wagiye urahindagurika bukebuke. Bamwe bakabibona nk’iterambere, abandi bakabona ko ari ukudatahura akamaro kavyo. Baragarutse ku migirwa yaba imbere y’uko umusi wo gutwikurura ugera.

Kuja mu nkinga

Umugirwa wo «  Kuja mu nkinga »  ni harya haba haraye habaye ubugeni, abageni bakigumira ukwabo. Umugeni yategerezwa kuguma yitwikiriye, atavuga, adatwenga, ataniyerekana cane, akavuga buhorobuhoro. Kwari ukwerekana urupfasoni rw’iyo yakowe.

Muri ico gihe nyene, ni ho uwo muryango mushasha wamenya amakuru uko uwo mukobwa yigenjeje mu buto bwiwe. Ivyo, vyamenyekanira mu bimenyetso, nk’impuzu, imikenke, ibiseke n’ibindi iyo miryango yahanahana.

Iyo basanze « zaronye » (atagifise ince) imbere y’uko uwo mukobwa yubaka, umuryango w’umuhungu waca urungika umukenke uciye epfo na ruguru. Bigenze uko, nyina w’umukobwa yaca arungika intumwa zija gusaba ikigongwe, biramutse vyanse ko bahuza, umuryango w’umukobwa warasubiza inkwano. Iyo basanze wa mukobwa « yarizigamye », wa mukenke barawurungika udaciye, nk’ikimenyetso ko bareze neza. Mu nyuma bagaheza bakitegurira urubanza rwo gutwikurura.

Guhórōra

Umugirwa wo guhórōra, ni mu gihe bakirindiriye umusi wo gutwikurura, umugeni bategerezwa ku mugabira kugira bamuhorore, ahebe atinyuke avugishe abandi. Umugabo wiwe yaratangura mu kumugabira nk’igitenge (ibitenge bimaze kuza), inabukwe akamugabira nk’ubunyângari, sebukwe na we akamugabira ingundu y’igitoke canke akamuha ishashi y’inka. Nta mugeni yubahuka kuvuga atarahororwa, bavuga ko atarezwe.

Gutwikurura

Wa musi wo gutwikurura ugeze, abavyeyi b’umukobwa baraterereza umuryango incuti n’abagenzi. Serugo agaheza agahagarikira ivyo bajanye gutwikurura, yabirungikana umugabo akiri muto, kenshi yaba ari umuhungu wiwe canke incuti ya hafi ariko akiri muto. Yarabarungikana Ijambo ry’urukundo, iry’ubumwe, ijambo ry’inkumbu no gushimangira ubucuti. Iyo ntumwa (musazawe canke incuti ya hafi) ni yo yatwikurura umugeni. Ariko, mu gihe umugeni yagiye mu Burundi « yarakomeretse » ( atakiri isugi) ni we yitwikurura. (Uko gutwikurura bavuga, ni gukura igitambara umugeni aba yitwikiye ku mutwe uwo musi).

Gutwikurura: hari ico bigifasha canke bikurweho? ?

Inyuma yo kuraba ireresi “Kira ngeni”, hakurikiye ikiyago kirimwo abahinga batandukanye mu bijanye n’imico n’akaranga aho bagarutse ku kibazo c’uko uwo mugenzo wo gutwikurura woba ugikenewe canke wokurwaho.

Umwigisha w’umutohozandimi muri kaminuza Ferdinand Mberamihigo, abona ko gutwikurura bikwiye kuhaguma ariko mu myaka iri imbere birashobora kuzoba bitagikenewe. Akagira ati:  « Abana b’ubu, barakwiye kumenya ivya kera, kuko gutwikurura bwari uburyo bwo kubwira umwigeme ngo genda wubake neza. »

Anaïs Niragira, yahoze ari umumenyeshamakuru akaba ari umukunzi w’akaranga, yagize ati : « Jewe ntibigeze bantwikurura, kubera nakuriye mu mico y’Ikirundi, zirya ndirimbo baririmba zarampahamura. Nabiretse ndabibona. Rero uwo mugirwa, kubawushaka barawubandanye. »

Kubwa Benoît Niyonzima, yize ivy’imibano abona ko gutwikurura vyohaguma, ariko abatabikoze ntitubatunge urutoke.

Christella-Mariza Kwizera, umwe mu bari bitavye ico kiyago abona ko « iyo udatahura ikintu biroroha ko ucibagira, kuko ntuba utahura akamaro kaco. »

Agashikiriza ko imigwi y’intambo ikwiye kwitwararika kuza irigisha urwaruka ibijanye n’akaranga bahereye ku ntambo batamba, bagatahura iyo vyaje biva. Kuko urwaruka rushobora kumara imyaka n’iyindi rudatahura ivyo rutamba.

Kandi ngo hari hakwiye kubaho ikigo c’igihugu cigisha ibijanye n’Ikirundi, umuvyeyi akajana umwana wiwe kugira yige imico n’akaranga vy’Uburundi. Kuko iyo mico bazohava bayiga ku mbuga ngurukanabumenyi.

 

GROSSESSES PRECOCES CHEZ LES MINEURES, QUELLES SOLUTIONS REALISTES ?

 

Chaque année depuis 2016, plus de 1000 grossesses sont enregistrées en milieu scolaire. Pourtant, l’accès aux services de la SDSR adaptés aux jeunes reste limité et l’éducation sexuelle complète rencontre une grande résistance à pénétrer dans le système éducatif burundais.  Le 9 novembre 2023, Share-Net Burundi a organisé un Space pour tenter de proposer des solutions réalistes.

Le « Space » intitulé : Les grossesses précoces en milieu scolaire, quelles solutions réalistes ? avait pour objectif de rappeler les données alarmantes concernant les grossesses précoces, plaider pour l’urgence de la vulgarisation de l’Education Sexuelle Complete en milieu scolaire, et l’accès à des services adaptés chez les adolescents et les jeunes. Il était également question de parler sans détour des conséquences médicales et sociales des grossesses précoces chez les jeunes adolescentes et de la difficile réintégration des jeunes mères adolescentes à l’école

Pour mieux aborder cette thématique, Share-Net Burundi a invité trois orateurs dont Augustin Harushimana, maïeuticien, Alida Irambona, chargée de projet Right Here, Right Now 2 au sein de RNJ+ et Christophe Nindorera, animateur des clubs scolaires  SDSR chez Nanje Nobaho.

Après un bref aperçu du contexte au Burundi où 1019 élèves ont été victimes de grossesses en milieu scolaire durant l’année scolaire 2021/ 2022 et où l’effectif de ceux qui réintègrent le système éducatif reste faible, la modératrice est revenue sur les données de l’enquête démographique et de la santé de 2017 où 8 % des adolescentes avaient déjà commencé leur vie féconde dont 6% avaient au moins 1 enfant et 2% étaient enceintes d’un premier enfant. Le risque de mourir ou de souffrir des complications des suites d’une grossesse précoce étant plus élevé chez les adolescentes.

 

Il a ensuite été question de savoir les risques liés à une grossesse précoce et ses conséquences sur le plan médical ainsi que social.

D’entrée de jeu :

  • Augustin Harushimana a rappelé que les grossesses précoces désignent les grossesses chez une mineure (moins de 18 ans) et que ces dernières viennent avec leur lot de risques. Harushimana rappelle que ni l’utérus ni le bassin d’une adolescente ne sont matures pour supporter une grossesse. Pour conséquence, des cas d’anémies peuvent apparaître durant la grossesse ou des risques d’hémorragie à l’accouchement ou les avortements clandestins.  Selon l’« Annuaire Statistique » du ministère de la Santé, 950 avortements de jeunes filles âgées de 15 à 19 ans ont survenu en milieu de soins au cours de l’an 2021.

Pour lui, aux données récoltées par le ministère de l’Education s’ajoutent ceux de l’annuaire statistique santé 2019, 2020, 2021, qui confirment bel et bien que les grossesses précoces sont une triste réalité au Burundi.

  • Alida Irambona a enchaîné avec le règlement scolaire, qui stipule qu’une élève qui tombe enceinte est immédiatement renvoyée jusqu’à l’accouchement et que selon l’article 70 dudit règlement, elle doit rester avec son enfant 12 mois ou au plus 2 ans avant de reprendre l’école. Au moment où l’article 71 autorise le garçon qui a engrossé la fille de réintégrer l’école la rentrée scolaire suivante. Ce n’est pas tout, la jeune fille devra obligatoirement changer d’établissement avec présentation d’extrait d’acte de naissance de l’enfant. Pour elle, cette situation risque d’enlever tout envie à la jeune maman de reprendre le chemin de l’école. « Il n’est pas évident de reprendre l’école après avoir passé presque 2 ans voire plus à la maison, sans oublier le stigma que rencontrent les victimes. »
  • Pour Christophe Nindorera, les manuels utilisés pour parler de la santé sexuelle et reproductive chez les jeunes sont de loin efficaces vu la réalité sur terrain. Il a rappelé à l’audience que l’abstinence reste le maître mot en milieu scolaire, une situation qui, selon lui, fait fi des différentes données qui montrent clairement que certains adolescents sont sexuellement actifs. Christophe fait savoir que cette situation cache bien des maux. Les jeunes se retrouvent avec des grossesses non désirées, préfèrent prendre des breuvages supposés mettre fin à une grossesse ou optent pour un avortement clandestin avec les conséquences qui vont avec.

 

Différentes interventions ont eu lieu durant la discussion. Des questions comme pourquoi la jeune fille ne bénéficie pas de congé de maternité à l’instar de ceux écrit dans le code du travail (90 jours).  Une intervenante, Pamella Kazekare a demandé pourquoi au vu et au su des dangers qui guettent une mineure enceinte, l’avortement sécurisé n’est pas une option. Ce à quoi la sage-femme a répondu qu’au Burundi, l’avortement n’est pas légal et que c’est seulement au gynécologue de déterminer le niveau de risque que présente la grossesse pour déterminer la démarche à suivre.

Comme conclusion :

  • Christophe Nindorera a demandé aux pouvoirs publics de prendre la question de grossesses précoces et en milieu scolaire avec fermeté. Pour lui, il n’est plus question de se voiler la face mais de proposer des solutions réalistes comme l’introduction d’un module d’Education Sexuelle Complète et l’offre des services adaptés aux adolescents et jeunes.
  • Alida Irambona a rappelé que les OSC continuent leur plaidoyer pour que la période de renvoi de la jeune fille soit réduite.
  • Augustin Harushimana a plaidé pour le recrutement des Sages-Femmes dans tous les Formations Sanitaires qui selon lui sont les prestataires mieux places pour prodiguer des informations en Santé Sexuelle et Reproductive dans la communauté.