Kuva kera na rindi Abarundi baratwikurura. Kubera ko ibihe biha ibindi, turabire hamwe ivy’uwo mugirwa. Tubikesha ikiyago categuwe n’amashirahamwe Umunyinya, OUF, Gisabo Tours bifadikanije na Sharenet. Carimwo banonosoye hamwe n’abakorera mu gisata c’imico n’akaranga. Ikibazo cagarutse cane ni : « Mbega umugenzo wo gutwikurura, woba ugikenewe canke wohava » ?
Mw’ireresi igaruka ku vya kahise, yitwa « Kira ngeni » yerekanywe muri ico kiyago, berekanye ko gutwikurura ari akaryo keza kuko umuryango w’umukobwa uja kuramutsa umugeni, ni ico gihe abageni baba basozereye ikiringo baba bamaze atawubakomakoma arico bita ubu « Ukwezi kwa buki ». Ni wo mwanya mwiza wo gutwikurura umugeni bikozwe na musazawe.
Ngo uko imyaka yagiye irahera, uwo mugenzo wagiye urahindagurika bukebuke. Bamwe bakabibona nk’iterambere, abandi bakabona ko ari ukudatahura akamaro kavyo. Baragarutse ku migirwa yaba imbere y’uko umusi wo gutwikurura ugera.
Kuja mu nkinga
Umugirwa wo « Kuja mu nkinga » ni harya haba haraye habaye ubugeni, abageni bakigumira ukwabo. Umugeni yategerezwa kuguma yitwikiriye, atavuga, adatwenga, ataniyerekana cane, akavuga buhorobuhoro. Kwari ukwerekana urupfasoni rw’iyo yakowe.
Muri ico gihe nyene, ni ho uwo muryango mushasha wamenya amakuru uko uwo mukobwa yigenjeje mu buto bwiwe. Ivyo, vyamenyekanira mu bimenyetso, nk’impuzu, imikenke, ibiseke n’ibindi iyo miryango yahanahana.
Iyo basanze « zaronye » (atagifise ince) imbere y’uko uwo mukobwa yubaka, umuryango w’umuhungu waca urungika umukenke uciye epfo na ruguru. Bigenze uko, nyina w’umukobwa yaca arungika intumwa zija gusaba ikigongwe, biramutse vyanse ko bahuza, umuryango w’umukobwa warasubiza inkwano. Iyo basanze wa mukobwa « yarizigamye », wa mukenke barawurungika udaciye, nk’ikimenyetso ko bareze neza. Mu nyuma bagaheza bakitegurira urubanza rwo gutwikurura.
Guhórōra
Umugirwa wo guhórōra, ni mu gihe bakirindiriye umusi wo gutwikurura, umugeni bategerezwa ku mugabira kugira bamuhorore, ahebe atinyuke avugishe abandi. Umugabo wiwe yaratangura mu kumugabira nk’igitenge (ibitenge bimaze kuza), inabukwe akamugabira nk’ubunyângari, sebukwe na we akamugabira ingundu y’igitoke canke akamuha ishashi y’inka. Nta mugeni yubahuka kuvuga atarahororwa, bavuga ko atarezwe.
Gutwikurura
Wa musi wo gutwikurura ugeze, abavyeyi b’umukobwa baraterereza umuryango incuti n’abagenzi. Serugo agaheza agahagarikira ivyo bajanye gutwikurura, yabirungikana umugabo akiri muto, kenshi yaba ari umuhungu wiwe canke incuti ya hafi ariko akiri muto. Yarabarungikana Ijambo ry’urukundo, iry’ubumwe, ijambo ry’inkumbu no gushimangira ubucuti. Iyo ntumwa (musazawe canke incuti ya hafi) ni yo yatwikurura umugeni. Ariko, mu gihe umugeni yagiye mu Burundi « yarakomeretse » ( atakiri isugi) ni we yitwikurura. (Uko gutwikurura bavuga, ni gukura igitambara umugeni aba yitwikiye ku mutwe uwo musi).
Gutwikurura: hari ico bigifasha canke bikurweho? ?
Inyuma yo kuraba ireresi “Kira ngeni”, hakurikiye ikiyago kirimwo abahinga batandukanye mu bijanye n’imico n’akaranga aho bagarutse ku kibazo c’uko uwo mugenzo wo gutwikurura woba ugikenewe canke wokurwaho.
Umwigisha w’umutohozandimi muri kaminuza Ferdinand Mberamihigo, abona ko gutwikurura bikwiye kuhaguma ariko mu myaka iri imbere birashobora kuzoba bitagikenewe. Akagira ati: « Abana b’ubu, barakwiye kumenya ivya kera, kuko gutwikurura bwari uburyo bwo kubwira umwigeme ngo genda wubake neza. »
Anaïs Niragira, yahoze ari umumenyeshamakuru akaba ari umukunzi w’akaranga, yagize ati : « Jewe ntibigeze bantwikurura, kubera nakuriye mu mico y’Ikirundi, zirya ndirimbo baririmba zarampahamura. Nabiretse ndabibona. Rero uwo mugirwa, kubawushaka barawubandanye. »
Kubwa Benoît Niyonzima, yize ivy’imibano abona ko gutwikurura vyohaguma, ariko abatabikoze ntitubatunge urutoke.
Christella-Mariza Kwizera, umwe mu bari bitavye ico kiyago abona ko « iyo udatahura ikintu biroroha ko ucibagira, kuko ntuba utahura akamaro kaco. »
Agashikiriza ko imigwi y’intambo ikwiye kwitwararika kuza irigisha urwaruka ibijanye n’akaranga bahereye ku ntambo batamba, bagatahura iyo vyaje biva. Kuko urwaruka rushobora kumara imyaka n’iyindi rudatahura ivyo rutamba.
Kandi ngo hari hakwiye kubaho ikigo c’igihugu cigisha ibijanye n’Ikirundi, umuvyeyi akajana umwana wiwe kugira yige imico n’akaranga vy’Uburundi. Kuko iyo mico bazohava bayiga ku mbuga ngurukanabumenyi.








